Indirimbo Zikundwa Open in the app

#86

Har’ikintu kingoye

Umuco 1

Couplet 1

Har’ikintu kingoye kimbabaza, N’ukutamenya ukugomba kw’Imana, {N’ukutamenya ico turico, N’ukutameny’uko nokwifata.} x2

Couplet 2

Har’ikintu kigoye kuri benshi, N’ukutameny’ ukugomba kw’Imana, {N’ukutamenya ico turico, N’ukutamenya ko tur’Ingenzi.} x2

Couplet 3

Ese kuba ur’ingenzi ntumenye, Ic’ukwiriye gukora mu nzira, {Ese kutameny’intambw’ ugezemwo, N’ingene wokwifatamwo.} x2

Couplet 4

Es’ingen’Iman’iducisha henshi, Kugira duhebe vyose, {Kugira dushushanywe nayo, No mu mibabaro yayo.} x2

Couplet 5

Ese kub’uzi ko watoranijwe, Kand’uzi k’ur’umwana w’Imana, {Ese kub’uzi uwanesheje, Hanyuma ugakekeranya.} x2

Couplet 6

Ese kub’uzi kuja mw’Ijuru, Kandi witwa k’ufis’intumbero, {Hanyuma ugatezw’ubwoba, N’imivyimb’ucako mu rugendo.} x2

Couplet 7

None wewe k’uri mu rugo rwa So, N’igiki cokunyiganyiza? {N’iki cogukura mu rugo, Kandi ur’imvukira yaho?} x2