#73
Tuvuga ko twahumutse amaso
Umuco 1
Couplet 1
Tuvuga ko twahumutse amaso, S’imigani, twarahumutse, {Mbega ubwo buntu, twagiriwe, Kumeny’ivyari vyanyegejwe.} x2
Couplet 2
Imana yarungitse umuco, W’akagoroba ngo uduhumure, {Ngo tumenye ingene, Satani, akora kuk’ubu imisi ari mibi.} x2
Couplet 3
Ubwambere yaje yishushanya, Yiyambik’urusato rw’intama. {Ariko ubwo, abana b’Imana, ntibatevye kumumenya.} x2
Couplet 4
Hanyuma yaje yambaye inkota, Iza yica abana b’Imana, {Arikw’Imana, yabahaye, kurinda no kwihangana.} x2
Couplet 5
Hanyuma iza mu buryo bw’idini, Ihindura Ijambo ry’Imana, {Igurisha iryo Jambo, kandi ngo, bose n’abana b’Imana.} x2
Couplet 6
Non’ubu nah’iza muri vyose, Ukwishushanya hamwe n’ukwica, {Amadini yo ni menshi cane ngo, bose n’abana b’Imama.} x2
Couplet 7
Amadini yazimije benshi, Ariko Imana ishimwe kuko, {Intama z’Imana ibihe vyose tuza, twumv’ijwi ry’Umwungere.} x2