Indirimbo Zikundwa Open in the app

#50

Eh’ivyiza vyo mw’ijuru

Umuco 1

Couplet 1

Eh’ivyiza vyo mw’Ijuru, Ncuti vyitegereze, Bizoronka abahizi, Bashikamye vy’ukuri.

Couplet 2

Eh’ubwiza bwa Siyoni, Ncuti bwitegereze, Buzokwinjiramwo ba nde? Abizeye vy’ukuri.

Couplet 3

Eh’Ubwiza bw’iy’iwacu, Busayangana cane, Mu mugwa wa Dat’Imana, Numva ndahakumbuye.

Couplet 4

Reka mbandanye urugendo, Nihangane vy’ukuri, Ico nzi n’uko nzoshikayo, Kandi nzonezerwa pe.