Indirimbo Zikundwa Open in the app

#93

Iyo nibajije kuvy’ubwiza

Umuco

Couplet 1

Iyo nibajije kuvy’ Ubwiza tuzohishurirwa; nkibaza ku Vyiza tuzobona binter’ Umunezero.

Refrain

Bintera kwank’iy’ isi, no kutifatanya na yo; bintera kwank’ abakunzi b’isi, banyakurisha urupfu; bintera kwanka vyose, ./.Kubw’ Ivyiza mbona vyose./.

Couplet 2

Iyo nibajije kuvy’Ubukwe, bw’Umwami wanje Yesu; nkibaza n’ingene tuzobana, bintera kugir’ishaka.

Refrain

Bintera kwank’iy’ isi, no kutifatanya na yo; bintera kwank’ abakunzi b’isi, banyakurisha urupfu; bintera kwanka vyose, ./.Kubw’ Ivyiza mbona vyose./.

Couplet 3

Iyo nibajije kuvy’ Isabato, irimw’ imyak’ igihumbi; n’ingene tuzoganza hamwe n’Umwami, bintera kuyihahamira.

Refrain

Bintera kwank’iy’ isi, no kutifatanya na yo; bintera kwank’ abakunzi b’isi, banyakurisha urupfu; bintera kwanka vyose, ./.Kubw’ Ivyiza mbona vyose./.

Couplet 4

Iyo nibajije kuvyerekeye, Yerusalemu Nsha; n’Ibirimba biri muri yo vyose, bintera kuba maso.

Refrain

Bintera kwank’iy’ isi, no kutifatanya na yo; bintera kwank’ abakunzi b’isi, banyakurisha urupfu; bintera kwanka vyose, ./.Kubw’ Ivyiza mbona vyose./.

Couplet 5

Kuba muri Mpwemu kuzana vyinshi, vy’Ubwami bw’Imana; kand’ abarongorwa na Mpwemu wayo ni bo bana b’Ubwami.