Indirimbo Zikundwa Open in the app

#92

Mwami Imana nyen’ubuntu

Umuco

Couplet 1

Mwami Imana Nyene Ubuntu, Ishengero ryawe rirarira; rirarira ryifuza rwose k’Ubuntu bwawe Ubudusukako.

Refrain

Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, dusukek’ Ubuntu tubashe kwinjira tubashe kubona ivyiza vy’Ijuru ./.N’Itunga ririyo ritabora./.

Couplet 2

Mwami Imana nyene Ubuntu, onger’ utugirire Ubuntu. N’uturabish’ Urukundo rwawe duter’ intambwe nsha mu Rugendo.

Refrain

Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, dusukek’ Ubuntu tubashe kwinjira tubashe kubona ivyiza vy’Ijuru ./.N’Itunga ririyo ritabora./.

Couplet 3

Kubibona turabibona vyose, no kwumva turavyumva vyose; ariko biratugora cane, kubishikira tugirir’ Ubuntu.

Refrain

Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, dusukek’ Ubuntu tubashe kwinjira tubashe kubona ivyiza vy’Ijuru ./.N’Itunga ririyo ritabora./.

Couplet 4

Ibuk’ Amaraso y’Umwana wawe, n’imibabaro Yabonye ku bwacu; ibuka n’Ishengero ryiwe, Yapfiriye arigur’ Amaraso.

Refrain

Dusukek’Ubuntu tubashe kugenda, dusukek’ Ubuntu tubashe kwinjira tubashe kubona ivyiza vy’Ijuru ./.N’Itunga ririyo ritabora./.

Couplet 5

Ntabundi buhungiro dufise, atari munsi y’ibirenge vyawe; shits’ Amasezerano yawe, dusukeko Ubuntu bwawe Mwami.