Indirimbo Zikundwa Open in the app

#91

Iki gihe tugezemwo

Umuco

Couplet 1

Iki gihe tugezemwo ni co kwikangura; ni co kubona intambara n’uwoyituneshereza.

Refrain

Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.

Couplet 2

Satani aza nk’igisuma, arondera imyenge hose yocamwo, ngo adutere none rero nitube maso.

Refrain

Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.

Couplet 3

Iki gihe tugezemwo, n’igihe co kuba maso; umwiza ni mwinshi cane, none nitube maso.

Refrain

Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.

Couplet 4

Abahizi ni mukomeze, abasinziriye muvyuke; abasoda ba Kristo Mwami, intsinzi n’iy’Umwami Yesu.

Refrain

Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.

Couplet 5

Ibitsibo bibikiwe, abahizi mu kwizera; amazu ni menshi cane, vyose n’ivy’abanesheje.