#91
Iki gihe tugezemwo
Umuco
Couplet 1
Iki gihe tugezemwo ni co kwikangura; ni co kubona intambara n’uwoyituneshereza.
Refrain
Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.
Couplet 2
Satani aza nk’igisuma, arondera imyenge hose yocamwo, ngo adutere none rero nitube maso.
Refrain
Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.
Couplet 3
Iki gihe tugezemwo, n’igihe co kuba maso; umwiza ni mwinshi cane, none nitube maso.
Refrain
Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.
Couplet 4
Abahizi ni mukomeze, abasinziriye muvyuke; abasoda ba Kristo Mwami, intsinzi n’iy’Umwami Yesu.
Refrain
Twirabe muri vyose, twirinde muri vyose; dusenge ibihe vyose eh’Umwami Araje.
Couplet 5
Ibitsibo bibikiwe, abahizi mu kwizera; amazu ni menshi cane, vyose n’ivy’abanesheje.