Indirimbo Zikundwa Open in the app

#87

Ukwitanga kuzana kubona

Umuco

Couplet 1

Ukwitanga kuzana kubona, ukwitanga kurusha kudeha, Ukwitanga kuzana kuronka ./.Ivyutibaza ko uzoronka./.

Refrain

Imana Irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose ./. Kandi nayo Ikamukunda./.

Couplet 2

Ukwitanga kuzana kumenya, n’ivy’utigeze umenya na rimwe, kuko hari ivy’abikiwe abitanga ./.Biri ahera hahera cane./.

Refrain

Imana Irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose ./. Kandi nayo Ikamukunda./.

Couplet 3

Ukwitanga ntivyoroshe kenshi, ariko kuri bamwe biroroshe, kuko abayimenye barayiha rwose ./.Nibo bana b’Ubwami bw’Imana./.

Refrain

Imana Irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose ./. Kandi nayo Ikamukunda./.

Couplet 4

Ukwitanga kuzana kubona, ivy’Ubwami bwo mw’Ijuru; Ukwitanga kuzana kury’ivyiza ./.Vyo mw’itongo ry’Imana./.

Refrain

Imana Irakunda ukwitanga, Ikunda abayiha rwose, Ikunda uwiyanka muri vyose ./. Kandi nayo Ikamukunda./.

Couplet 5

Ntitube abanebwe mu vy’Ubwami, ariko tube abanebwe muvy’isi kuko abazi ko ar’ingenzi mw’isi ./.Bama bitanga./.