Indirimbo Zikundwa Open in the app

#86

Har’ikintu kingoye kandi kimbabaza

Umuco

Couplet 1

Har’ikintu kingoye kandi kimbabaza, n’ukutamenya ukugomba kw’Imana ./.N’ukutamenya ico turico n’ukutamenya uko nokwifata./.

Couplet 2

Har’ikintu kigoye kuri benshi, n’ukutamenya ukugomba kw’Imana. ./.N’ukutamenya ico turico, N’ukutamenya ko tur’ingenzi./.

Couplet 3

Ese kub’uri ingenzi ntumenye, ico ukwiriye gukora mu nzira ./.Ese kutamenya intambwe ugezemwo n’ingene woyifatamwo./.

Couplet 4

Ese ingene Imana Iducisha henshi, kugira duhebe vyose ./.Kugira dushushanywe nayo no mu mibabaro yayo./.

Couplet 5

Ese kuba uzi ko watoranijwe, kandi uzi k’ur’ Umwana w’Imana ./.Ese kuba uzi Uwanesheje hanyuma ugakekeranya./.

Couplet 6

Ese kub’uzi kuja mw’ Ijuru, kandi witwa kufis’ intumbero ./.Hanyum’ ugatezw’ ubwoba n’imivyimba ucako mu rugendo./.

Couplet 7

None wewe kuri mu rugo rwa so, n’iki co kunyiganyiza ./.N’iki co gukura mu rugo kandi uri imvukira yaho./.