Indirimbo Zikundwa Open in the app

#58

Umwami Imana yabwiye abana biwe

Umuco

Couplet 1

Umwami Imana Yabwiye abana biwe ati: ndi Uwera Imana Isumba vyose jewe namyeho kandi nzokwamaho ntayindi Mana ir’imbere yanje.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe; yamaze kwambar’Impuzu Yera nivyo bikorwa vy’Abera.

Couplet 2

Umwami Imana Yabwiye abana biwe ati: nd’Uwera Imana y’abazima; nimub’Abera nkuko nanje nd’Uwera, mubone kuragw’Igihugu canyu.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe; yamaze kwambar’Impuzu Yera nivyo bikorwa vy’Abera.

Couplet 3

Mwam’Uhoraho jewe ndagusavye, n’uzunshikane mur’uko kwera kwawe; impuzu yanje Uyezesh’ Amaraso mbone kwinjira mu Murwa wawe wera.

Refrain

Rab’Umugeni yiteguye, yamaze kwambar’impuzu y’Ubukwe; yamaze kwambar’Impuzu Yera nivyo bikorwa vy’Abera.