#50
Eh’ivyiza vyo mw’ijuru
Umuco
Couplet 1
Eh’Ivyiza vyo mw’ Ijuru, ncuti vyitegereze; bizoronka Abahizi bashikamye vy’ukuri.
Couplet 2
Eh’Ubwiza bwa Siyoni, ncuti bwitegereze; buzokwinjiramwo bande: Abizeye vy’ukuri.
Couplet 3
Eh’Ubwiza bw’iy’ Iwacu, busayangana cane; mu Murwa wa Dat’Imana, numva ndahakumbuye.
Couplet 4
Reka mbandany’ Urugendo, nihangane vy’ukuri; ico nzi nuko nzoshika, kandi nzonezerwa pe.