#333
Iki gihe tumaranye turongowe na ya Bendera
Ikirundi
Couplet 1
Iki gihe tumaranye turongowe na ya Bendera, dutandukany’ ar’amahoro dufis’ akanyamuneza.
Couplet 2
Bagenzi bo ku mutima, abo dusangiy’ Agakiza n’Intambara y’Umusaraba, Imana n’Ibazigame.
Couplet 3
Harih’ Ijambo dusoma mu Gitabo Cera c’Imana: Mutumbere Yes’Umukiza, Ntimukamuharuruke.
Couplet 4
Kumbur’amaso yob’aya ntitwongere kuzobonana, ariko twes’ Abakijijwe tuzohurir’i Siyoni.
Couplet 5
Nuko bagenzi dukunda, twabonanye wa Musaraba mur’iki gihe tumaranye, gendan’Imana bagenzi.
Couplet 6
Mw’Ijuru har’ingabire Nyinshi cane z’Abayobotse; Mwumire ku Gakiza kanyu mwahawe mu matangura.
Couplet 7
Ya mahoro yo mw’Ijuru atwuzuremwo twebge twese, kumbur’ Ishengero ry’Imana, rikir’ imitim’ ibiri.
Couplet 8
Twihan’ubugararizi ubg’abatubah’ Uhoraho, tumenye yuko twebge twese tuzoshirw’ imbere yiwe.
Couplet 9
Kumbure Yesu yoz’ ubu Agasanga tutiteguye, Akatugerer’ ingero mbi, nya ngero mwumva n’urupfu.
Couplet 10
None rero n’agasaga bene Data dufatanije; i Wacu twese ni mw’Ijuru tuzohorana na Yesu.