Indirimbo Zikundwa Open in the app

#332

Kera Yes’Akiri mw’isi

Ikirundi

Couplet 1

Kera Yes’Akiri mw isi Yabgiy’ Abigishw’ati: Tujabuke tuje hakurya, ni tujane mu bgato. Bakigend’ Arasinzira, haz’igihuhuta, imipfunda yisuka mu bgato, bgariko buruzura.

Refrain

Yikanguy’Azibiz’ ikiyaga, ngo hora, kandi nta ngunza nta muyaga, nta dayimoni kandi nta n’abantu, nta coshobcra kwubik’ ubgato burimw’ Umukiza w’Ubugingo: Vyose Yes’ Azobizibiza, ngo hora, cereza nta kitazomwumvir’ avuze ngo Cereza.

Couplet 2

Mwam’umuyaga ni mwinshi, kandi turi mw’irinde. Imipfund’ igiye mu bgato buriko buruzura, Mwami, ntubabaye yuko turiko turapfa? Arikangur’ azibiz’ ingunza, ngo tekereza, hora!

Refrain

Yikanguy’Azibiz’ ikiyaga, ngo hora, kandi nta ngunza nta muyaga, nta dayimoni kandi nta n’abantu, nta coshobcra kwubik’ ubgato burimw’ Umukiza w’Ubugingo: Vyose Yes’ Azobizibiza, ngo hora, cereza nta kitazomwumvir’ avuze ngo Cereza.

Couplet 3

Yesu singifis’ ubgoba, ko har’ agacerere, Umparir’ ukwizera guke kwatumye ngir’ubgoba. None hareyutse rwose mu mutima wanje, Umpe kwama nkwizigira cane, ngukurikire hose.