Indirimbo Zikundwa Open in the app

#334

Amaraso yose y’intama n’impene

Ikirundi

Couplet 1

Amaraso yose y’intama n’impene y’ibimazi vy’Abayuda Ntac’ atumarira.

Couplet 2

Yesu wa Mwagazi W’Intama w’Imana Ni we wenyen’ ashobora Kudukiz’ ivyaha.

Couplet 3

Yabay’ikimazi Kirusha vya bindi, Nta yandi ma ras’ ariho Yo kutwoz’ ivyaha.

Couplet 4

Ndambits’ ikiganza Ku mutwe wa Yesu, Mushizekw ivyaha vyanje, Mvyatuye nihannye.

Couplet 5

Umutwaro wanje Yarawikoreye, Ari ku git’ amanitswe Ari jew’azize.

Couplet 6

Twizeye dushima Wa Mwana w’ Imana, Kuk’ umuvumo twariko Wavuyeho rwose.