#319
Mana tukuzaniye abana waduhaye
Ikirundi
Couplet 1
Mana tukuzaniye abana waduhaye bakiran’urukundo barag’ubwami bwawe
Couplet 2
Natw’abazobarera, N’ uduh’ ubgenge bgawe, Tubatoze ya nzira Yo kubajan’ i wawe.
Couplet 3
Umusaraba wawe Tuba tubashushanijeko, Ub’ akarangabgami Kw ar’ abawe, Mukiza.
Couplet 4
Kand’ uwo Musaraba Ntugume ku rukoba, Wushire mu mitima, Ntibiratan’ ikindi.
Couplet 5
Barwanan’ ubutore Musi y’ iyo bendera Barasana n’ ivyaha N’ ivy’ isi na Satani.
Couplet 6
Bab’ab’Izina ryera Ryawe Data wa twese, N’ iry’ Umwan" Umukiza, N’ irya Mpwem’ Umufasha.