Indirimbo Zikundwa Open in the app

#318

Nabatijwe mw’Izina ryawe

Ikirundi

Couplet 1

Nabatijwe mw’Izina ryawe Data Mana Yera ntangur’ubu kwizera mu vyago vyose bizoza, Ni wangez’umpe kurama, Biguter’icubahiro.

Couplet 2

Nabatijwe mw izina Ryawe Mwana, Mana Yera Ivyaha vyanje vyose Warabinkuyeko rwose, Umfashe, simbe nkigira Ikikubabaza cose.

Couplet 3

Nabatijwe mw izina Ryawe Mpwemu, Mana Yera, Non’ umpay’ icicaro Mw Ishengero ry’ Uhoraho: Tubone mu munezero, Untabare mu marushwa.

Couplet 4

Uko mur’Ubutatu Budatana mundagano Mushimw’imisi yose Muhimirw’umubatizo Napfuye kandi nazutse Ni name mpfa kandi nzuke.