Indirimbo Zikundwa Open in the app

#317

Haj’Umuntu ku ruzi

Ikirundi

Couplet 1

Haj’Umuntu ku ruzi, umwana w’umworo, Abonek’ari musi y’abandi bo mw’isi.

Couplet 2

Yavuy’i We mw’Ijuru, n’uw’ ibihe vyose, Yavukiye mu bantu, Ahinduk’ umuntu.

Couplet 3

Abarira Yobana, Ati N’ umbatize; Na w’ ati Ni je nkwiye Kubatizwa nawe.

Couplet 4

Yes’ aramwishur’ ati Emera nonaha: Nkwiye guca bugufi No gushik’ i bgina.

Couplet 5

Ivyaha vy’ isi yose, Ivyanje n" ivyawe, Vyose vyari kuri we, Yaravyiremetse.

Couplet 6

Abishikan’ i bgina Mu ruzi rw’ urupfu, Azuk’ abisizeyo: Dushim’ Umukiza.

Couplet 7

Nshimir’ Imana cane Rya batizwa ryiwe Rinyinjiza mw ijuru, mw’Izina rya Yesu.