#266
Man’Ubgami bgawe buze mur’iyi si
Ikirundi
Couplet 1
Man’Ubgami bgawe buze mur’iyi si. Tsind’ Umurwanizi N’ububasha bgiwe.
Couplet 2
Dukumbuye Mwami Amahoro yawe: Urwanko rwo mw isi Ruzoshira ryari?
Couplet 3
Dukumbuy’ igihe Ah’ indwano zose Zizohung’ imbere Y’ah’ uri, Mukiza.
Couplet 4
Zan’Inganji mw’isi, Tukwifuza cane, Twarerets’ amaso Aherayo, Mwami.
Couplet 5
Abagukengera Ni nk’ amabingira Batikiz’ intama Zawe ziri mw isi.
Couplet 6
Amahanga menshi Yicaye mu mwiza: Yesu we Nyenyeri Ubatambikire.