Indirimbo Zikundwa Open in the app

#265

Uzogeza ryari Yesu? Garuka Mukiza!

Ikirundi

Couplet 1

Hoba mu gitond’ abantu bakivyuka, Izuba rimenny" ijuru rikirasa, Ntituz’ igihe, aho Yes’ Azozira aje gukur’ abiwe mw’isi.

Refrain

Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ Araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!

Couplet 2

Hoba ku murang’ abantu bagikora, Hoba mu gicugu bagisinziriye: Tuzobon’ aje nk’ umuravyo w’ ubgiza Gukorany’ abiwe mw isi.

Refrain

Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ Araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!

Couplet 3

Ingabo zo mw ijuru zizoririmba, Ziti Haleluya, dushim’ Umukiza! Zizozanana na we mu bgiza bgiwe Aje gukur’ abiwe mw isi.

Refrain

Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!

Couplet 4

Wa musi namba tuzoba tukiriho Tuzoja mw ijuru tutabony’ urupfu, Tujananwe n’abazutse mu bapfuye, Dusanganir’ Umukiza.

Refrain

Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!