#265
Uzogeza ryari Yesu? Garuka Mukiza!
Ikirundi
Couplet 1
Hoba mu gitond’ abantu bakivyuka, Izuba rimenny" ijuru rikirasa, Ntituz’ igihe, aho Yes’ Azozira aje gukur’ abiwe mw’isi.
Refrain
Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ Araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!
Couplet 2
Hoba ku murang’ abantu bagikora, Hoba mu gicugu bagisinziriye: Tuzobon’ aje nk’ umuravyo w’ ubgiza Gukorany’ abiwe mw isi.
Refrain
Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ Araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!
Couplet 3
Ingabo zo mw ijuru zizoririmba, Ziti Haleluya, dushim’ Umukiza! Zizozanana na we mu bgiza bgiwe Aje gukur’ abiwe mw isi.
Refrain
Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!
Couplet 4
Wa musi namba tuzoba tukiriho Tuzoja mw ijuru tutabony’ urupfu, Tujananwe n’abazutse mu bapfuye, Dusanganir’ Umukiza.
Refrain
Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes’ araje, Haleluya, Haleluya, Amen, Haleluya, Amen!