#267
Tuzonezerwa cane Aho Yes’ Azozira
Ikirundi
Couplet 1
Turemeshw’ imitima no kwizigira cane ko Yes’ Azogaruka, Igihe kiri hafi rwose, Tuzonezerwa cane Aho Yes’ Azozira.
Couplet 2
Kand ‘ abakunzi bacu Iyo bavuye mw isi, Tukababara cane, Tugasigaran’ amagorwa, Dusigeho kurira, Tuzokira ni yaza.
Couplet 3
Naho twogir’ ivyago Vy’uburyo bubi bgoss, Cank’ amarushwa menshi, Dutinyuke, mw isi s’i wacu: N’ ivyo kwihanganirwa Kugez’ ah’ azozira.
Couplet 4
Tury’ Ingaburo yiwe, Umutsima na vino, N’ icibutso ça Yesu Kugez’ igih’ azogaruka; Ni h’ azogaburira Abo yatoranije.