Indirimbo Zikundwa Open in the app

#82

Ewe Mukiza wanje, wakubisw’ inguma

Ikirundi

Couplet 1

Ewe Mukiza wanje, wakubisw’ inguma. Mukama wambitswe n’ igitsibo c’amahwa. Mukama wababajwe, non’ushimwe cane. Wambabariye rwose, Mukama n’ ushimwe.

Couplet 2

Yesu, wababariy’ ivyaha vyanje vyose, Wampaniw’ ari jewe nari nacumuye, Car’ igihano canje, urakimpanirwa, Mukama, wantabaye ngo ndonk’ imbabazi.

Couplet 3

Mukama, ndagushima n’ umutima wose, Wampfiriye ku giti, wankijij’ivyaha; Undemeshe nizere ngo ngukurikire, Kandi n’ aho nzopfira, mpfire muri wewe.

Couplet 4

Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene, Urupfu ni rwantsinda uz’ummar’ubgoba. Nah’ umubiri wanj’uzobora ngashira, Ndazi ko nzokwibonera n’ amaso yanje.

Couplet 5

Kur’ uwo musi Yes’uz’ uwundemesheko, Ngo mbon’ inyonga zawe nk’ ah’uri ku giti; Kubg’ ic’ umpe kunesha nk’ uko wanesheje: Hahirw’ uzopf’ arengukijwe nawe Mwami.