Indirimbo Zikundwa Open in the app

#81

Ni muvuz’ impundu bamarayika, kuk’ umunyavyaha yihanye!

Ikirundi

Couplet 1

Ni muvuz’ impundu bamarayika, Kuk’ umunyavyaha yihanye! Eh’ ingen’ Iman’ imusanganiye, Wa mwana wayo w’ icangazi

Refrain

Kaza, kaza! ni kw imubgira; Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika bararirimba, Banezererw’ uwo yihamye.

Couplet 2

Ni muvuz’ impundu bamarayika, Kuk’ uyu yuzuye n’ Imana; Uyu munt’ akiz’ ingero y’ivyaha, Akab’ avuts’ ubga kabiri.

Refrain

Kaza, kaza! ni kw imubgira; Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika bararirimba, Banezererw’ uwo yihamye.

Couplet 3

Ni muvuz’ impundu bamarayika, Vuz’ inanga zanyu, ririmba! Kwiz’ iyo nkuru nziza, yandagare, Yuk’ umunyavyah’ akijijwe.

Refrain

Kaza, kaza! ni kw imubgira; Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika bararirimba, Banezererw’ uwo yihamye.

Couplet 4

Ni muvuz’impundu bamarayika, Zumvikane no mur’ iyi si: Icaremwe gish’ iyo kibonetse Vyose birahinduka bisha

Refrain

Kaza, kaza! ni kw imubgira; Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika bararirimba, Banezererw’ uwo yihamye.