Indirimbo Zikundwa Open in the app

#83

Ewe Krist’ Umutwaro wanje Warawiremetse

Ikirundi

Couplet 1

Ewe Krist’ Umutwaro wanje Warawiremetse, Wishize mu gishingo canje, Umber’ ikimazi; Wawunkujekw’ Amaraso, sinkiwikoreye.

Couplet 2

Urupfu n’umuvumo vyari mu gikombe canje, Waraciranguje kubganje, Maz’ Usubizamwo Imigisha mu gishingo ca wa mururazi.

Couplet 3

Imana Yabanguy’ inkoni kugira ngw’ impane, ariko ntiyanshikiriye, Yamashuye wewe: Imimyore yawe Yesu niyo yankijije.

Couplet 4

Hagigimye nyamutikiza kiguhitirako, Wampishije mu gikiriza ngo ntikinnyukure; Cakumpondeyeko Mwami, none hareyutse.

Couplet 5

Imana Yasokoy’ inkota Iragusogota, ipfushwa n’Amaraso yawe, ntac’ ikingir’ ubu: Umutima waw’ ucika urwubati rwayo.

Couplet 6

Mukiza narapfanye nawe kuko Wampfiriye, Warazuts’ Unkura mu ngoyi, uc’ Ungereramwo; Uranyeza ngo nze nshike mu Bgiza mw’Ijuru.