Indirimbo Zikundwa Open in the app

#20

Mbony’ Umukunzi Mwiza

Ikirundi

Couplet 1

Mbony’ Umukunzi Mwiza, Umukiza Yesu, Ni w’ arut’ incuti zose zo mw isi, N’ uw’ igikundiro cinshi, mbonera muri we Ivyo ngomba kunyeza no kunkiza. Anyirura mbabaye, ankiz’ amagorwa, Mmukorer’ amaganya yanje yose : N’ uw’ igikundiro cinshi, yaka nk’ inyenyeri, Ni w’ arut’ incuti zose zo mw isi.

Refrain

Anyirura mbabaye, Ankiz’ amagorwa, Mmukorer’ amaganya yanje yose: N’ uw’ Igikundiro cinshi, Yaka nk’inyenyeri, Niw’ Arut’ incuti zose zo mw’ isi.

Couplet 2

Ibimbabaza vyose Yarabinkuyeko, Iyo ngeragezw’ andinda wa Mubi, ivyama binganza vyose Yarabinkijije, Non’ Andindish’ Ubushobozi bgiwe. Nah’ incuti zompeba, Satan’akangeza, Yesu niw’ Azonshikana mw’ ijuru, N’ uw’ Igikundiro cinshi, Yaka nk’ inyenyeri, Ni w’ arut’ incuti zose zo mw isi.

Refrain

Anyirura mbabaye, Ankiz’ amagorwa, Mmukorer’ amaganya yanje yose: N’ uw’ Igikundiro cinshi, Yaka nk’inyenyeri, Niw’ Arut’ incuti zose zo mw’ isi.

Couplet 3

Ntazonsiga nk’imfuvyi; ntaho nzokwibana, Kuko mbeshwaho n’ukwizera gusa, Kukw ankikij’ umuriro, singir’ico ntinya. Angaburira manu yo mw ijuru. None nkumbuy’ umusi nzoshika mw’ijuru, Nzonezerwa mbonye mu nyonga hiwe: N’uw’ igikundiro cinshi, yaka nk’ inyenyeri, Niw’ Arut’ incuti zose zo mw’isi.

Refrain

Anyirura mbabaye, Ankiz’ amagorwa, Mmukorer’ amaganya yanje yose: N’ uw’ Igikundiro cinshi, Yaka nk’inyenyeri, Niw’ Arut’ incuti zose zo mw’ isi.