Indirimbo Zikundwa Open in the app

#19

Mana Muremy’ Ijuru riraguhimbaza

Ikirundi

Couplet 1

Mana Muremy’ Ijuru riraguhimbaza, Ushimwa n’ikirere N’ ibirimwo vyose. Bishim’ ubudasiba Mw ijoro n’umurango Icubahiro cawe N’ubgenge n’ ubuntu.

Couplet 2

Izuba ryiza Mana, Bo n’ukwezi nyene, Bishim’ izina ryawe, N’inyenyeri n’uko. Bibgira n’amahanga Atarumv’ ivya Yesu Ubgiza bg’Umuremyi Yabiremye vyose.

Couplet 3

Ijambo ryawe ryera N’ iry’ ukuri rwose, Ni ryiza kandi ni ryo Riduhumuriza. Kand’ ivyagezwe vyawe Bituberey’ itunga Ridashira n’ubgenge Butar’ ubg’ iyi si.

Couplet 4

Nta wubasha kubgiwe Kwirinda ngo ntagwe, No kwam’ akor’ ivyiza, No kudacumura: Uhor’ umfasha Mana, Ndeke kukwibagira No kukubabarisha Gucumura kwanje.

Couplet 5

Ivyo waremye vyose Mw ijuru no mw isi Bishim’ izina ryawe, Nanje ndagushima. Kand’ umubiri wanje N’umutima ndagomba Kubigushikanira Ngo bicik’ ivyawe.