#21
Ni muze turirimbane n’Abera bo mw’ Ijuru
Ikirundi
Couplet 1
Ni muze turirimbane n’Abera bo mw’ Ijuru, Nah’ ar’ indim’ ibihumbi, banezerwa kumwe.
Couplet 2
Bat’ Umukiz’ Abereye guhabg’ Icubahiro, natwe tut’ Arakubahwa, Yaradupfiriye!
Couplet 3
Yes’ abereye guhabga Ubushobozi bginshi n’Ubutunzi n’Umugisha n’Ubgenge n’ Ishimwe.
Couplet 4
Ivyo mw’ Ijuru no mw’ isi mwe n’ ibir’ ikuzimu, ni mukoranire hamwe gutazira Yesu.
Couplet 5
Yemw’ ivyaremwe, ja hamwe mushim’ Izina Ryera ry’ Iyivyagiye ku Ntebe, n’irya wa Mwagazi.