Indirimbo Zikundwa Open in the app

#291

Hirya y’uruzi

Umuco

Couplet 1

Hirya y’uruzi hariy’igihugu, igihugu gitemba amata n’ubuki, niyo ndaba niyo ndiko ndaja iyagisezeranye niyo yakimpishuriye.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, nubwo ngendera mu muniho, kubw’ Ivyiza biri mu Gihugu, ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 2

Ninashika mur’ico gihugu, nzohanagurwa amarira yose, n’Umwami nyene ico gihugu, kand’azonyambika n’igitsibo.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, nubwo ngendera mu muniho, kubw’ Ivyiza biri mu Gihugu, ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 3

N’igihugu c’abikiwe abahizi, abazonesha urugamba rukomeye, giteguriw’abera b’Imana, bavyawe n’Ijambo na Mpwemu Yera.

Refrain

Ngenda ndirimba kandi nezerewe, nubwo ngendera mu muniho, kubw’ Ivyiza biri mu Gihugu, ntobigereranya n’ivy’iki gihe.

Couplet 4

Mwene Data waragihishuriwe? Ntutinye gushingira intahe Umwami kuko kw’iherezo ry’urugendo uzokibona ni wihangana.