Indirimbo Zikundwa Open in the app

#290

Uru rugendo ndimwo

Umuco

Couplet 1

Uru rugendo ndimwo mpura n’ingorane, uru rugendo ndimwo mpura n’intambara ./.Ariko ico nzi n’uko Yesu yanesheje.

Refrain

./.Nico gituma ntatinya, ntewe na Satani iyo andasa imyampi, sinterwa n’ubwoba ./.Kuko nzi ko Uhoraho azongwanira./.

Couplet 2

Uru rugendo ndimwo sinihamagaye, uru rugendo ndimwo, narahamagawe ./.Umwami wanje Yesu niwe yampamagaye./.

Refrain

./.Nico gituma ntatinya, ntewe na Satani iyo andasa imyampi, sinterwa n’ubwoba ./.Kuko nzi ko Uhoraho azongwanira./.

Couplet 3

Naho ibigeragezo vyoba vyinshi cane, umutima wanje ntuzonyiganyiga ./.Kuko uwanesheje ari imbere yanje./.

Refrain

Ko nageze mu kiganza c’Umwami wanje Yesu nta na kimwe gishobora kuzohankura ./.Naziritse umutima wanje, ahera cane./.

Couplet 4

Umunsi umwe urugendo nzoruheraheza, nzoruhuka imiruho yo mur’iy’isi mbi ./.Nzobonana na Yesu amaso muyandi./.

Refrain

Sinzoba ngisubira kurira ukundi, ingorane z’aha mw’isi Zizokwibagirwa ./.Nzibanira na Yesu tutagitandukana./.