#274
Iyo nibutse urukundo rwa Yesu
Umuco
Couplet 1
Umwami yarankunze kuva kera, anyigura ku musaraba, none ubu ndi mu bahiriwe, nihashimwe izina ryiwe.
Refrain
./.Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, hamwe n’ivyo yankoreye vyose, ubwo mperako ndirimba, n’ushimwe Golgota./.
Couplet 2
Yarampaye amahoro n’urukundo, anyobora mu nzira hose, azondengukana mw’ijuru iwe, n’ushimwe Gologota!
Refrain
./.Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, hamwe n’ivyo yankoreye vyose, ubwo mperako ndirimba, n’ushimwe Golgota./.
Couplet 3
Mbega umunezero mwinshi yampaye, yampaye abavandimwe benshi, none ubu ndiko ndamuhimbaza n’ushimwe Gologota.
Refrain
./.Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, hamwe n’ivyo yankoreye vyose, ubwo mperako ndirimba, n’ushimwe Golgota./.
Couplet 4
Mbega n’iki co nkura kuri Yesu, ko yanyiguze jewe ntamuzi, mbere niyo noca mu rupfu, nzoshimira Gologota.
Refrain
./.Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, hamwe n’ivyo yankoreye vyose, ubwo mperako ndirimba, n’ushimwe Golgota./.
Couplet 5
N’umunezero mwinshi utavugwa, kugerera muri Kristo Yesu, n’umutakambire ubu agukize, akujane I Gologota.
Refrain
./.Iyo nibutse Urukundo rwa Yesu, hamwe n’ivyo yankoreye vyose, ubwo mperako ndirimba, n’ushimwe Golgota./.
Couplet 6
Yampinduye icaremwe gisha ciza, igihe yankura mu buja, none ubu ndiko ndamuririmba, n’ashimirwe Gologota!