Indirimbo Zikundwa Open in the app

#273

N’igihe ki ga mwene data

Umuco

Couplet 1

N’igihe ki ga mwene Data? N’umunsi wuhe turimwo iyo ubona umwiza w’iki gihe, bikwerek’iki ga mugenzi? Ivyo vyose vyerekana igihe ico arico.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami Yesu Kristo ni wewe rutare rwacu turanezerewe kw’ari we Buhungiro bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 2

Duhe Mwami kuguhang’amaso shimwa Mwami ko watwiyeretse umwiza kw’ari mwinshi cane umuco ukomeze kumurika ni wewe buhungiro bwacu, buhungiro bwacu, Haleluya!

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami Yesu Kristo ni wewe rutare rwacu turanezerewe kw’ari we Buhungiro bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 3

Abagororotsi b’iki gihe bariruka baguhungiramwo urugamba rurakomeye n’igihe c’urugamba rwa nyuma arik’umunsi w’intsinzi uraje, umunsi w’intsinzi uregereje.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami Yesu Kristo ni wewe rutare rwacu turanezerewe kw’ari we Buhungiro bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 4

Raba n’igihe c’iherezo ncuti kubizera Yesu n’igihe ciza n’igihe kibi kubatamwizera n’igihe gikomeye cane kuv’ijuru n’isi biremwa izamurwa ry’Umugeni riraje.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami Yesu Kristo ni wewe rutare rwacu turanezerewe kw’ari we Buhungiro bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 5

Igihe kiraheze mwene Data biranditswe mw’ijuru ku Mana biranditswe hose no kw’isi biboneka vyumvikana hose yukw’ar’igihe c’iherezo, ar’igihe c’iherezo.

Refrain

Turanezerewe ko tugufise Mwami Yesu Kristo ni wewe rutare rwacu turanezerewe kw’ari we Buhungiro bw’imitima yacu, Haleluya!

Couplet 6

Mana umuco wawe utumurikire dukomeze kurwana tunesha mu buruhe turab’igihe kuk’urugamba rugiye gushira umunsi w’intsinzi uraje intsinzi iraje Haleluya!