Indirimbo Zikundwa Open in the app

#245

Ijambo ry’imana ntiryihenda

Umuco

Couplet 1

Ijambo ry’Imana ntiryihenda, Ijambo ry’Imana ntiribesha, ivyo rivuze birashika, niyo bitevye birashika.

Refrain

./.Turi mu bihe vy’Ubuhanuzi, aho ubuhanuzi bwahanuwe bugaragarira imbere yacu./.

Couplet 2

Vyinshi mu vyahanuwe vyarashitse, ibindi biriko birashika, n’ibitarashika bigiye gushika, rindira gato uzobibona.

Refrain

./.Turi mu bihe vy’Ubuhanuzi, aho ubuhanuzi bwahanuwe bugaragarira imbere yacu./.

Couplet 3

Benshi mu bahizi b’Imana, beretswe ivy’iki gihe turimwo, bituma bacifuza cane, kuko ari igihe c’ubuhanuzi.

Refrain

./.Turi mu bihe vy’Ubuhanuzi, aho ubuhanuzi bwahanuwe bugaragarira imbere yacu./.

Couplet 4

Ijambo ry’ubuhanuzi, rivuga yuko umumarayika w’indwi niyavuza inzamba, niho ibanga ry’Imana rizoba riherahejwe.

Refrain

./.Turi mu bihe vy’Ubuhanuzi, aho ubuhanuzi bwahanuwe bugaragarira imbere yacu./.

Couplet 5

Ijwi ry’Umumarayika w’indwi, ryaramaze gusemerera, ivyanyegejwe abanyabwenge vyose, vyahishuriwe inzoya.

Refrain

./.Turi mu bihe vy’Ubuhanuzi, aho ubuhanuzi bwahanuwe bugaragarira imbere yacu./.

Couplet 6

Ijambo ry’Ubuhanuzi rishitse, vyerekana ko igihe gishitse, none ncuti twitegure, kuragwa ivyasezeranywe.