Indirimbo Zikundwa Open in the app

#231

Uhereye kera hose

Umuco

Couplet 1

Uhereye kera hose Imana ifise imigabo, Imana isezeranira Aburahamu Sogokuru, imubwira ko uruvyaro rwiwe ruzogwira ./.Kubw’ukwizera yarashoboye kuvyara naho yarak’aheze./.

Refrain

Bene Data igihe kirakuze cane, kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, ibindi navyo birihuta, guseruka tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana ./.Tugendere m’ukwizera, kuvuye mu guhishurirwa eh’Umwami araje./.

Couplet 2

Mu gihe c‘umusavyi w’Imana, nawe yitwa Dawidi Uhoraho yongera gutanga isezerano yuko ku gishitsi ciwe hazoturuka Umukiza ./.Umukiza w’Abisirayeli n’abanyamahanga niwe Yesu Kristo Umwami wacu./.

Refrain

Bene Data igihe kirakuze cane, kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, ibindi navyo birihuta, guseruka tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana ./.Tugendere m’ukwizera, kuvuye mu guhishurirwa eh’Umwami araje./.

Couplet 3

Abanyamahanga twese twari injabuka ku masezerano nta Mana nzima twari dufise vy’ukuri, kiretse Imana zitavuga kandi ntizishure ./.Ku bwa Yesu Kristo tumadikwa ku gishitsi n’ubuntu bw’Imana./.

Refrain

Bene Data igihe kirakuze cane, kuko ivy’Imana yasezeranye vyarashitse, ibindi navyo birihuta, guseruka tugumye muri twebwe urukundo rw’Imana ./.Tugendere m’ukwizera, kuvuye mu guhishurirwa eh’Umwami araje./.

Couplet 4

Ariko ubu none turi abaraganwa na Yesu Kristo turi abo mu nzu y’Imana Ihoraho nuko rero twiyubare uko tugenda ./.Nitwihangana tukagumya ukwizera (kuzima) tuzomubona mw’ijuru amaso mu yandi./.