#230
Nkunda kwibaza cane
Umuco
Couplet 1
Nkunda kwibaza cane iminsi yose ku kintu nama mbona kandi kitoroshe simfise n’ukuntu nogisigura neza n’urukundo Umwami Imana yakunze abiwe ./.Aho niho har’agakiza k’Imana./.
Refrain
None ngire nte jewe, ko nd’umuntu, Arikw’Imana yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo, Mwami wanje Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe ./.Nshobore kugendera mu kugomba kwawe./.
Couplet 2
Ico gikorwa nticoroshe bagenzi, kuko catanguye kuva kera cane, Imana ikirema isi n’ijuru n’ibindi vyose, arik’umuntu ikamurema mw’ishusho ryayo ./.Iyo yar’imigabo yayo yo kutwihishurira./.
Refrain
None ngire nte jewe, ko nd’umuntu, Arikw’Imana yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo, Mwami wanje Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe ./.Nshobore kugendera mu kugomba kwawe./.
Couplet 3
Imigambi y’Imana yarakomej’iseruka, igihe Adamu yacumuye k’Uhoraho ubuntu n’agakiza k’Imana itanga biraseruka mw’Izina rya Yesu Kristo duhabwa gucungurwa ./.Izo n’imbabazi zayo zo kuturokora./.
Refrain
None ngire nte jewe, ko nd’umuntu, Arikw’Imana yo ni nyen’inkomezi, Yesu Kristo, Mwami wanje Mana yanje, unyuzuz’urukundo rwawe ./.Nshobore kugendera mu kugomba kwawe./.
Couplet 4
Ubu naho sinzi ukuntu nobivuga, kuk’Umwami wanje mbona ari Muzima, mw’Ihanga ryayo jewe ngenda mbona uko bukeye ubwiza bw’Imana bwiyongera ./.Iyo n’intsinzi y’umusaraba wa Yesu Kristo./.