Indirimbo Zikundwa Open in the app

#208

We hanga ry’imana nzima

Umuco

Couplet 1

We Hanga ry’Imana Nzima, Imana yawe Irakomeye, Yagukuye muri Egiputa, mu buja bw’umwe Farawo.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, ku Buntu wagiriwe; abana bawe baririmbe, bati: Uhoraho Ashimwe ./.Shimwa Mwami Shimwa, Shimwa, Shimwa! Ku vyiza Wakoze, Shimwa, Shimwa! Mw’Ishengero ryawe, Shimwa, Shimwa./.

Couplet 2

We Hanga ry’Imana Nzima, Imana yawe n’Inyenkomezi, Yagutsindiy’ ivyago vyinshi, n’abami b’inkomezi nyinshi.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, ku Buntu wagiriwe; abana bawe baririmbe, bati: Uhoraho Ashimwe ./.Shimwa Mwami Shimwa, Shimwa, Shimwa! Ku vyiza Wakoze, Shimwa, Shimwa! Mw’Ishengero ryawe, Shimwa, Shimwa./.

Couplet 3

Mvuge nte ga Mana yanje n’ukuri ur’ Umunyenkomezi, Ihanga ryawe rigushime ku Buntu Warigiriye.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, ku Buntu wagiriwe; abana bawe baririmbe, bati: Uhoraho Ashimwe ./.Shimwa Mwami Shimwa, Shimwa, Shimwa! Ku vyiza Wakoze, Shimwa, Shimwa! Mw’Ishengero ryawe, Shimwa, Shimwa./.

Couplet 4

Mu Rugendo nzokwama Mwami, ngushima nkuririmbira, k’Ubuntu bwawe wangiriye, nkaba nd’umwe mw’Ihanga ryawe.