#207
Imvura yaraguye
Umuco
Couplet 1
Imvura yaraguye igwira, igiti c’Imana Nzima; ari ryo Shengero rya mbere, yaguye ku musi wa Pentekote, umusi w’ivyasezeranywe.
Refrain
Igiti n’Ishengero, ryatewe n’Umwami Yesu, imvura niy’ Imana Nzima; igiti cer’ imbuto, zitey’ igomwe cane, vyari vyasezeranywe.
Couplet 2
Satani yabony’ico giti, igiti gitey’ igomwe; aca yohereza inzige, zo kuyigiza ico giti, ariko igiti n’ic’ Imana.
Refrain
Igiti n’Ishengero, ryatewe n’Umwami Yesu, imvura niy’ Imana Nzima; igiti cer’ imbuto, zitey’ igomwe cane, vyari vyasezeranywe.
Couplet 3
Inzige ziyigiz’ico giti, igiti c’Imana nzima; gisigara ku gishitsi, nta mashami nta n’amababi, gisigara kugishitsi.
Refrain
Igiti n’Ishengero, ryatewe n’Umwami Yesu, imvura niy’ Imana Nzima; igiti cer’ imbuto, zitey’ igomwe cane, vyari vyasezeranywe.
Couplet 4
Kubw’inkomezi z’Imana, igiti casubiye gotoha, kubw’ imvura y’Imana nzima, kirashamika kirashurika, kuko car’ igiti c’Imana.
Refrain
Igiti n’Ishengero, ryatewe n’Umwami Yesu, imvura niy’ Imana Nzima; igiti cer’ imbuto, zitey’ igomwe cane, vyari vyasezeranywe.
Couplet 5
Kubw’inkomezi z’Imana, Satani afis’ubwoba; kubw’inkomezi z’abahanuzi, Satani ahind’agashitsi, kubw’inkomezi za Mpwemu Yera.