#204
Benshi birukira
Umuco
Couplet 1
Benshi birukira kwinjira, mu masengero yubatswe, n’amaboko y’abana b’abantu, bakishimira ibiboneka ./.Bikabanezereza, bakavyishimira./.
Refrain
Injira vuba injira (vuba), mu Rusengero rw’Imana (Yera), ruri Ahera, ahera cane, ahatabonwa n’abinyama (n’amaraso), ni kubw’Ubuntu oh! Ni kubw’Ubuntu, injira injira, ni kubw’Ubuntu.
Couplet 2
Benshi birukira gusengera, mu mashengero yubatswe, n’amaboko y’abana b’abantu, ariko ntibamenye yuko ./.Abaseng’ Imana bose bayisengera muri Mpwemu./.
Refrain
Injira vuba injira (vuba), mu Rusengero rw’Imana (Yera), ruri Ahera, ahera cane, ahatabonwa n’abinyama (n’amaraso), ni kubw’Ubuntu oh! Ni kubw’Ubuntu, injira injira, ni kubw’Ubuntu.
Couplet 3
Umwami wacu Yesu Yavuz’ati: Ishengero ryanje ryubatse, ku guhishurirwa na Mpwemu, none natwe twese twubake ./.Kur’ urwo Rutare, ku guhishurirwa./.