#816
Bene data ni muze
Umuco 2
Couplet 1
Bene Data ni muze twitegure Nta gisivya tugira dutahuke Iy’iwacu aho twahoze kera, {Ku Murwa i Siyoni mw’Ijuru.} x2
Couplet 2
Tuzokwama turirimbir’Imana Indirimbo z’abahiriwe bose Ntituzongera kubabar’ukundi {Tuzoba dushize amarira.} x2
Couplet 3
Tube maso mu kwumvir’impanuro Tuza duhabwa n’ijambo ry’Imana Niryo gusa rizodushits’iwacu {Kwa Data wa twese Ahoraho.} x2
Couplet 4
Muze twese twiyambur’ivy’akera Bitubuza guhimbar’Imana Twitandukanye n’ivyanduye vyose {Tub’umwe n’Umukwe Yadukunze.} x2
Couplet 5
Ndahahamiye kuzobon’Uwankunze Akemera gupfa ndonk’ubugingo Umwami Yesu nyen’urukundo rwinshi {Nzomushima mfis’umunezero.} x2
Couplet 6
Mwami wanje kandi Mana yanje Warakoze kuba wantey’iteka Ryuko nitirirw’izina ryawe {Niryo Yesu Kristo Mana Nzima.} x2