Indirimbo Zikundwa Open in the app

#815

Dufis’isezerano twahawe n’umwami

Umuco 2

Couplet 1

Dufis’isezerano twahawe n’Umwami, Ryukw’azogaruka kudutora, Kugira ngw’ahari ab’ariho tuba, Kandi vub’agira arishitse.

Refrain

Nimuze bakundwa, tube maso cane, Dutegerez’iryo sezerano, Kukw’Umwami wacu vuba nguy’araje, Kujan’abamwizigiye bose.

Couplet 2

Bakundwa b’Ubwami tuvavanure n’isi, Twimatanye n’ijambo ry’ukuri, Iryo ridusaba guhagarara neza, Tukarwana tuzi iyo tuja.

Refrain

Nind’atokwifuza, kubon’Umusi mwiza, Wo kugaruka kw’Umwami Yesu, Aho tuzosanganir’Umwami mu bicu Tuj’aho yateguriy’abiwe.

Couplet 3

Ntihagir’ikintu na kimwe cobuza, Umwana w’Imana kwitegura, Ariko tube mw’ijambo ry’Imana ryose, Duhagarare dushize amanga.

Refrain

Tudahungabanishwa, n’imiyag’ahiva hose, Muga dushikame mu kwizera, Tube mu kirere ca Mpwemu w’Imana Aho turenger’ivy’isi vyose.

Couplet 4

Nzomushima cane Umwami w’uruku- ndo, Kuba yarankunze bingan’uku, Kandi vuba cane ngiye kumubona Ntituzotandukana ukundi.

Refrain

Ur’Uwera Mana Ur’Uwera Yesu, Ur’Uwera ntawuhwanye nawe Ur’Uwera Data, Ur’Uwera Mwami Ur’Uwera kandi ur’Uwera.