#813
Umuremyi wenyene ubwiwe
Umuco 2
Couplet 1
Umuremyi wenyene ubwiwe, niwe yabaye Umucunguzi, Kuko ntawundi yabonetse, yoshoboye gukiz’abantu.
Refrain
Akir’ishimwe Mwami Yesu, Akir’ishimwe Data, Kuko ni Wewe Mana yacu, Twizeye yo Gusengwa.
Couplet 2
Iyo tuje mu nyonga zawe, tugomba yuko tugusenga, Udukiz’imitwaro yose, ukanaduha n’inkomezi.
Refrain
Akir’ishimwe Mwami Yesu, Akir’ishimwe Data, Kuko ni Wewe Mana yacu, Twizeye yo Gusengwa.
Couplet 3
Nta Mana y’urukundo nkawe, nta yirih’ishoboye vyose, Ntan’iyirih’isumba vyose, atar’Umwami wacu Yesu.
Refrain
Akir’ishimwe Mwami Yesu, Akir’ishimwe Data, Kuko ni Wewe Mana yacu, Twizeye yo Gusengwa.
Couplet 4
Nta Man’Iriho ikora nkawe, nta Mana y’imbabazi nkawe, Nta Mana yumva amasengesho, nta yiriho yishura nkawe.
Refrain
Akir’ishimwe Mwami Yesu, Akir’ishimwe Data, Kuko ni Wewe Mana yacu, Twizeye yo Gusengwa.
Couplet 5
Bene Data ingo tumwizere, tumukunde tumwizigire, Ivyo tudashoboye vyose, Umwami Yesu arashoboye.
Refrain
Akir’ishimwe Mwami Yesu, Akir’ishimwe Data, Kuko ni Wewe Mana yacu, Twizeye yo Gusengwa.
Couplet 6
Nimuze dusengeranire, mw’izina ry’Uwaducunguye, Aho niho har’imbabazi, zo kwitonder’ijambo ryiwe.