#808
Igihugu yemwe tugendamwo
Umuco 2
Couplet 1
Igihugu yemwe tugendamwo Igihugu duhamagarirwa N’igihugu c’Abera b’Imana Kizobamwo abatunganijwe Nimuze twitunganye n’ingoga Kugira ngo tuzokibemwo {Nico gituma Mwami w’ubuntu Nama na ntaryo je ndagusaba Kugira ngo nanje nzoshikeyo Nzobon’ivyiza vy’ico Gihugu.} x2
Couplet 2
Mwami Yesu wewe wam’umfasha Unshoboze gutsind’umubiri N’akameremere kawo kose Maz’unyambike umwambaro wera Nsisubire kubonek’ukundi Ariko Mwami wew’uboneke {Aho niho Mwami w’urukundo Nzokwama nesha imisi yose Kuko nshigikiwe nawe Mwami Ntaco nzotinya ndi kumwe nawe.} x2
Couplet 3
Abana bawe Mana y’ubuntu Batabare bave mu vyakera Vyo kuvuga ngo bameny’Imana Ntibakor’ukugomba kw’Imana Bakangure maze bahumuke Babon’igihe Mwami turimwo {Ni bitegurir’ukuza kwawe Bame bagavye mu mitima yabo Umus’uzoz’usange twiteguye Tugusanganire twigir’Iwacu.} x2
Couplet 4
TwararonseIjambo ritavanze Ijambo ritegur’umugeni Nimuze ncuti turyitondere Naryo rizoturongora hose Ntaco tuzoba nitwaryumvira Ariko tuzaman’umugisha {Ntawaryumviye yamaramaye Imisi yose yaman-intsinzi Nituryizere (we) turyizigire Rizodushitsa mw’Ijur’Iwacu.} x2
Couplet 5
Ndashaka kubona Mwami wanje Icatumye nanje mpamagarwa Nukuzogira iherezo ryiza Nkazorank’umugabane wanje Uwo niw’utuma mpeba vyose Kugira Mwami nze ndawubone {Nico gituma Mwami w-ubuntu Nama na ntaryo je ndagusaba Kugira ngo nanje nzoshikeyo Nzobon’ivyiza vy’ico Gihugu.} x2