#796
Mwami Yesu komeza
Umuco 2
Couplet 1
Mwami Yesu komeza kuturinda Uturinde gushushwanywa nab’isi Ntihagire uwibona mu vyiy’isi Umwana wawe niyibone mw’Ijambo.
Refrain
Mwami Yesu komez’uhishurir’abaw ee Ntihagir’uwugenda nkukw’is’ishaka Tugende ukw’ijambo ribishaka Twitegurir’ivy’ubwami bw’Imana Umukwe nguyo ni Yesu Krist’araje Maranatha arakaza nyakuza Mwami Yesu.
Couplet 2
Mwami Yesu itegerez’urabe Abahungu abakobwa bawe twese Twiteguye utwambike ya mpuzu y’Umugeni twinjire m’ubwo bukwe.
Refrain
Mwami Yesu komez’uhishurir’abaw ee Ntihagir’uwugenda nkukw’is’ishaka Tugende ukw’ijambo ribishaka Twitegurir’ivy’ubwami bw’Imana Umukwe nguyo ni Yesu Krist’araje Maranatha arakaza nyakuza Mwami Yesu.
Couplet 3
None hasigay’iki mwene data Uwushaka nagume yiyanduza Arikw’amenye ntavyiza vyo mw’isi Ivyiza vy’ukuri ni mw’Ijuru ahera.
Refrain
Mwami Yesu komez’uhishurir’abaw ee Ntihagir’uwugenda nkukw’is’ishaka Tugende ukw’ijambo ribishaka Twitegurir’ivy’ubwami bw’Imana Umukwe nguyo ni Yesu Krist’araje Maranatha arakaza nyakuza Mwami Yesu.
Couplet 4
Mwene Data mukundwa w’ivy’ubwami Irinde cane muvyo wokora vyose Ntuhav’usang’ usa n’is’ utabizi Gumy’akaranga k’umugeni wa Kristo.
Refrain
Mwami Yesu komez’uhishurir’abaw ee Ntihagir’uwugenda nkukw’is’ishaka Tugende ukw’ijambo ribishaka Twitegurir’ivy’ubwami bw’Imana Umukwe nguyo ni Yesu Krist’araje Maranatha arakaza nyakuza Mwami Yesu.
Couplet 5
Mwami Yesu ihishurir’ Abawe Ijambo ryawe ryisanzure muri twe Mpwemu wawe aronke ikibanza Twiyambur’isi idukwegakwega.
Refrain
Mwami Yesu komez’uhishurir’abaw ee Ntihagir’uwugenda nkukw’is’ishaka Tugende ukw’ijambo ribishaka Twitegurir’ivy’ubwami bw’Imana Umukwe nguyo ni Yesu Krist’araje Maranatha arakaza nyakuza Mwami Yesu.
Couplet 6
Muze mwese dusangiy’ ukwizera Twitegan’ivyizigiro n’inkumbu Mugusanganir’ Umukw’Agiye kuza We Mugeni nucan’itara ryawe.