#795
Bakristo muze tube maso
Umuco 2
Couplet 1
Bakristo muze tube maso Turwanye wa mubi Satani Mukenyere mwese zigume Tumurwanye Satani.
Refrain
Yemwe mwese haguruka Tumurwanye n’abiwe bose Dufat’ibirwanisho twese Tumurwanye Satani.
Couplet 2
Ivyo birwanisho tuvuga N’ukwambar’ijambo rizima Twasigiwe n’Umwami wacu Tuzohabw’ inkomezi.
Refrain
Yemwe mwese haguruka Tumurwanye n’abiwe bose Dufat’ibirwanisho twese Tumurwanye Satani.
Couplet 3
Bakristo mwese mube maso Ntimukangwe n’ibigeragezo Naho vyoba bikaze cane Twizeye tuzonesha.
Refrain
Yemwe mwese haguruka Tumurwanye n’abiwe bose Dufat’ibirwanisho twese Tumurwanye Satani.
Couplet 4
Nimuze twirabe shengero Ntitugendere mu buryarya Tugend’ ukw’intumwa zagenze Tuzonesha Satani.
Refrain
Yemwe mwese haguruka Tumurwanye n’abiwe bose Dufat’ibirwanisho twese Tumurwanye Satani.
Couplet 5
Ubu n’igihe c’iherezo Umwami wacu ari hafi Kujan’abiwe bamwizeye Abajane mw’Ijuru.