Indirimbo Zikundwa Open in the app

#771

Tugeze mugihe ca nyuma

Umuco 2

Couplet 1

Tugeze mu gihe ca nyuma c’iherezo Abantu barikunda bakund’amahera Ijambo kuri benshi ryaramenyerewe {Kand’ariryo riduhanura, Kand’ariryoridutunganya.} x2

Refrain

Mwami yesu Kristo Mana nzima Uturindekumenyer’Ija mbo ryawe {Udushoboze kurih’agaciro Mwami Udushoboze kuriha agaciro.} x2

Couplet 2

Uhereye mu bihe vya kera vyashize Igihe cos’Imana yagomba guhana Yarungik’imbur’abumviye bagakira {Abayumviye bagakira, Abatumviye bagahona.} x2

Refrain

Mwami yesu Kristo Mana nzima Uturindekumenyer’Ija mbo ryawe {Udushoboze kurih’agaciro Mwami Udushoboze kuriha agaciro.} x2

Couplet 3

Mu gihe ca Now’Imana yatumye Nowa Mu gihe ca Lot’Imana yatumye Loti Abo bose ntibasiba gusemerera {Ab’ivyo bihe ntibakize, Nawe ntuzikize iki gihe.} x2

Refrain

Mwami yesu Kristo Mana nzima Uturindekumenyer’Ija mbo ryawe {Udushoboze kurih’agaciro Mwami Udushoboze kuriha agaciro.} x2

Couplet 4

Abo bose bishwe no kutumvir’ijambo Bariyumvira kw’ar’amajambo ya Nowa Bariyumvira kwar’amajambo ya Loti {Bashaka kwihana vyaheze, Har’umusi naw’uzicuza.} x2

Refrain

Mwami yesu Kristo Mana nzima Uturindekumenyer’Ija mbo ryawe {Udushoboze kurih’agaciro Mwami Udushoboze kuriha agaciro.} x2

Couplet 5

Nimba wewe mwene dat’ushaka gukira Wirinde kwic’amatwi ijambo rivugwa Nkukw’Iman’itababariye ab’ico gihe {Nawe ntizokubabarira, Naho worir’ugatuntura.} x2