Indirimbo Zikundwa Open in the app

#770

Tugiye kwinjira mu bihe vyiza

Umuco 2

Couplet 1

Tugiye kwinjira mu bihe vyiza Aho tuzobana n’Umwami Yesu Dusezer’imiruho yo mw’iy’isi Tuzobana n’Umwam’ibihe vyose.

Refrain

Umwami Yesu ati ni mureme Kwa Data har’amazu menshi cane Ndagiye gutegur’aho muzoba Ngw’aho ndi namw’ab’ariho muzoba.

Couplet 2

Peter’ati turerets’ijuru risha Iry’ukugororoka kuzobamwo Iy’isi ya none yononekaye Tuyivemwo twigire muyindi nsha.

Refrain

Umwami Yesu ati ni mureme Kwa Data har’amazu menshi cane Ndagiye gutegur’aho muzoba Ngw’aho ndi namw’ab’ariho muzoba.

Couplet 3

Umwami azoduhanagur’amosozi Yose twaririye mur’iy’isi mbi Ico gih’urupfu tuzorutwenga Kuko tuzoramba ntitwongere gupfa.

Refrain

Umwami Yesu ati ni mureme Kwa Data har’amazu menshi cane Ndagiye gutegur’aho muzoba Ngw’aho ndi namw’ab’ariho muzoba.

Couplet 4

Ntawuzokwongera kubur’uwiwe Ntawuzorwara ntan’umwe azosonza Ukurira hamwe no kwihebura Bizoba birangiye haleluya.

Refrain

Umwami Yesu ati ni mureme Kwa Data har’amazu menshi cane Ndagiye gutegur’aho muzoba Ngw’aho ndi namw’ab’ariho muzoba.

Couplet 5

Tuzoshimira Yesu tunezerewe Azoba adukuye mur’iy’isi mbi Icompa mwene dat’ukazob’uhari Sinze nkubure nawe ntuzombure.