#761
Yesu mukiza mwiza
Umuco 2
Couplet 1
Yesu mukiza mwiza, Mana y’ubushobozi Rwanir’abana bawe, tuneshe tuze dushike iwawe. Twatanguy’ Inzira, twahishuriwe nawe, N’inzira nziza y’ukuri, n’ijambo ry’ubugingo.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 2
Ntegereje kubona, uwo munsi w’Uhoraho, Uzotandukanya abagororotsi n’abagabitanya. N’umunsi mwiza cane, ugaragaz’iherezo, Ry’umunyakibi n’umugororotsi ko bitandukanye.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 3
Witegereje mw’isi, umunyakib’ aroraniwe Wokwibaza k’umugororotsi, kw’Imana itamukunda. Oyaye mwene data, iherezo ry’umunyakibi, Ni ribi riratey’ubwob’ ijambo riravyerekana.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 4
Uko bimez’uyu munsi, siko bizomer’ejo mwene Data mukundwa w’Uhoraho dukovye gusenga. Twizere neza yuko, ic’Ijambo ry’Imana,Ryavuze cose ni vuba, kigiye kudushikako.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 5
N’ukuru bene data, ntidukinish’ijambo Umunyabwenge narifat’arigir’ubuhungiro. Rib’ubwihisho bwacu, kukw’isi yararyanse Nkuko na mbere yanse Umwami, wacu Yesu twizeye.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 6
Is’igeze ahirusha, abayibamwo bose Ndagushimira Mwami Yesu wampay’ Ubuhungiro. Ijambo ryawe ryera, n’ubuhungiro bwacu, Nta maganya eka nta marira kubahisemwo neza.
Refrain
None Mwami Yesu mpa kuba Mumugabane w’abagororotsi Bicaye baganir’Ijambo ryawe Uhoraho Naw’ukabwira Marayika waw’uti fat’igitabo, Wandik’ayo majambo nay’abakunzi banje, {Az’ab’ay’icibutso cabo co kur’urya musi.} x2
Couplet 7
Ubuntu n’imbabazi, watugiriye Mukiza Bitugumeko bidufashe kwinjira mu gutunganywa. Tub’abagororoka, twezwe rwose n’Ijambo, Twikunkumur’ ubugarariji tub’Intore z’Imana.