#760
Korer’imana n’umutima
Umuco 2
Couplet 1
Korer’Imana n’umutim’ukunze Nturondere namba icubahiro cawe Urondere kugendera mw’ijambo Rizogushitsa mu bwami bw’ijuru {Ah’Umwami Yesu yaduteguriye Abamwizeye bakamuyoboka.} x2
Refrain
{Nzomwizera kuko jewe yankunze Uwo ntawundi n’Umwami Yesu Kristo Yampfiriye ku git’Igorogota Akavug’ati vyose birarangiye.} x2
Couplet 2
Mwami Mana jewe ndagusavye Unshoboze Data kugend’uko bikwiye Sinkagende nkukw’abandi bose Ariko Mukiza nambar’ijambo ryawe {Rinyobore mur’iyi nzira ndimwo Igan’Isiyoni kumurwa w’abera.} x2
Refrain
{Nzomwizera kuko jewe yankunze Uwo ntawundi n’Umwami Yesu Kristo Yampfiriye ku git’Igorogota Akavug’ati vyose birarangiye.} x2
Couplet 3
Turasabwa n’ijambo ry’Imana Kwiyambura vyose tukaganzwa n’ijambo Ni twiyanke tubeho kubw’Umwami Atuganze twese ntitubonek’ukundi {Aho niho Kristo azoba muri twe Maze Mpwemu wiwe aturongore hose.} x2
Refrain
{Nzomwizera kuko jewe yankunze Uwo ntawundi n’Umwami Yesu Kristo Yampfiriye ku git’Igorogota Akavug’ati vyose birarangiye.} x2
Couplet 4
Ncuti yanje wagiriw’ubuntu Bwo kuba wewe warameny’ukuri Ntubupfish’ubus’arikw’ika ngure Wikunkumur’ivy’umubi vyose {Hang’amaso ic’ijambo rivuga Maz’ugikore uzobon’intsinzi.} x2
Refrain
{Nzomwizera kuko jewe yankunze Uwo ntawundi n’Umwami Yesu Kristo Yampfiriye ku git’Igorogota Akavug’ati vyose birarangiye.} x2
Couplet 5
Igihe n’iki cacu co kuba maso Tugur’uburyo tuburwiza ncuti Ntidusamanzwe n’ivy’igihe gito Ariko twame tugavye muri twe {Ah’Umwami Yes’azogarukira Azosange twese tumutegereje.} x2
Refrain
{Nzonezerwa ninagera mw’Ijuru Maze nkabona Umwami yancunguye Mbone n’abera bizey’Umwami Yesu (Kristo), Twese tuvuga tutishimwa Mana.} x2