#758
Bene data mumenye
Umuco 2
Couplet 1
Bene Data mumeny’ibi Kw’igihe c’akagoroba, kiragiye Kurangira, twitahire iwacu.} x2
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 2
Igihe c’akagoroba, Kiragiye kurangira, Umuco w’akagoroba, Wakomeje imbuto.
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 3
Abana b’ubuhanuzi, Twatamiy’ijambo ryayo, Tukagend’uko risaba, Tugiye gutaha.
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 4
Isezerano rihari, nuko nitwarigumamwo, Tugakora ico risaba, Tuzobana nawe.
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 5
Yemwe bana b’Uhoraho, Nimube maso Mugabe, Igihe kirarangiye, Nitwiyeze cane.
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 6
Ibihe birarangiye, Kandi birihuta cane Umukwe nguyo ari hafi, Mugeni itegure.
Refrain
Iki gihe turimwo (x2) Iki gihe turimwo, nico kwitahira.
Couplet 7
Abiyeza nitwiyeze, Abandura bo bandure Umwami Yes’agiraze, Gusarur’imbuto.