Indirimbo Zikundwa Open in the app

#757

Ubu mw’isi hakorerwa

Umuco 2

Couplet 1

Ubu mw’isi hakorerw’ivyaha Nk’uko vyari mugihe ca Nowa Barakor’ivyaha ngo ntakizoba Niko bazohona giturumbuka.

Refrain

Igihe kirashitse Ah’isi izoshikirwa n’amagorwa Abagararij’Imana ibahane.

Couplet 2

Uko vyari mugihe ca Nowa Niko bizoba no mur’ik’igihe Barakor’ivyaha ngo ntakizoba Niko bazohona giturumbuka.

Refrain

Igihe kirashitse Ah’isi izoshikirwa n’amagorwa Abagararij’Imana ibahane.

Couplet 3

Wewe wanse kwihana kubw’ivy’isi Nturuh’umenya yuko bizoshira Uri muzima mukanya wopfa Ku muhero w’isi bizob’ivyande.

Refrain

Mbe none k’uzoba ugowe Uwo munsi n’ushik’utiteguye Uzihana gute bitagishoboka.

Couplet 4

Ubu Umwami Yesu atez’ibiganza Aracari no kuntebe y’ubuntu Umwipfuza ngwino umusanganire Nimw’ijambo ryiw’aragukiza.

Refrain

Aho rero uzob’uhiriwe Uwo musi n’ushika umwizeye Uzozamurwa umusanganire.