Indirimbo Zikundwa Open in the app

#755

Tube maso bene data

Umuco 2

Couplet 1

Tube maso bene Data bakundwa Kugirango twaman’intsinzi Uhoraho arikumwe natwe Kugirango atuneshereze.

Refrain

Igihe kirakuze cane bagenzi Nimuze twitonder’ijambo ry’Imana Riturongore mu nzir’ija mw’Ijuru Iy’umwami Yesu yaduciriye {Tuyicemwo tutaraba kuruhande Tuyicemwo twikorey’umusaraba Tuyicemwo duhang’amaso mw’Ijuru Aho niho hav’ugutabarwa kwacu.} x2

Couplet 2

Ibimenyetso vyos’Umwami yavuze Ehe vyose vyaramaze gushika Bene data nimuze twiyubare Satani ntaduce muryahumye.

Refrain

Igihe kirakuze cane bagenzi Nimuze twitonder’ijambo ry’Imana Riturongore mu nzir’ija mw’Ijuru Iy’umwami Yesu yaduciriye {Tuyicemwo tutaraba kuruhande Tuyicemwo twikorey’umusaraba Tuyicemwo duhang’amaso mw’Ijuru Aho niho hav’ugutabarwa kwacu.} x2

Couplet 3

Mwami Mana eh’imitima yacu Turifuza data kukuyoboka Shir’ugushaka mu mitima yacu Maz’urabe ko tutaguhimbara.

Refrain

Igihe kirakuze cane bagenzi Nimuze twitonder’ijambo ry’Imana Riturongore mu nzir’ija mw’Ijuru Iy’umwami Yesu yaduciriye {Tuyicemwo tutaraba kuruhande Tuyicemwo twikorey’umusaraba Tuyicemwo duhang’amaso mw’Ijuru Aho niho hav’ugutabarwa kwacu.} x2

Couplet 4

Nimuze duce mw’irembo rifunganye Iryateguriw’abana b’Imana Duter’umugong’ivyo mw’isi vyose Duhahamir’ivyo mw’ijur’iwacu.

Refrain

Igihe kirakuze cane bagenzi Nimuze twitonder’ijambo ry’Imana Riturongore mu nzir’ija mw’Ijuru Iy’umwami Yesu yaduciriye {Tuyicemwo tutaraba kuruhande Tuyicemwo twikorey’umusaraba Tuyicemwo duhang’amaso mw’Ijuru Aho niho hav’ugutabarwa kwacu.} x2

Couplet 5

Kubishikira navyo yemwe s’ukundi N’ukwiyanka tukamatana n’ijambo Tukab’umwe yemwe n’Umukwe wacu Yadukoye kubw’igiciro kinini.

Refrain

Igihe kirakuze cane bagenzi Nimuze twitonder’ijambo ry’Imana Riturongore mu nzir’ija mw’Ijuru Iy’umwami Yesu yaduciriye {Tuyicemwo tutaraba kuruhande Tuyicemwo twikorey’umusaraba Tuyicemwo duhang’amaso mw’Ijuru Aho niho hav’ugutabarwa kwacu.} x2

Couplet 6

Mutima wanje ni wizigir’umwami Kuk’uwo yewe n’umudahemuka Umwizeye ntah’azomaramara Yam’ari hafi y’abamwizeye bose.