#754
Imana iba ahirengeye
Umuco 2
Couplet 1
Imana iba ahirengeye cane Ikabana n’abafise imitima Imitima yemwe imenetse Imitima y’abaciye bugufi-Imitima y’abiyoroheje Imitima itadendebukirwa Imitima yemwe itunganye Iyo niyo tubwirizwa kugira.
Couplet 2
Imana iba ahirengeye cane Ikabana n’abafise imitima Imitima yuzuy’urukundo Imitima ifis’ukwizera-Imitima ifis’ivyizigiro Imitima yuzuy’amahoro Imitima iremesh’abandi Iyo niy’Umwami Mana yifuza.
Couplet 3
Imana iba ahirengeye cane Ikabana n’abafise imitima Imitima yubah’ijambo ryayo Imitima idakekeranya namba-Imitima ihanga amaso mw’Ijuru Imitima yemw’iharir’abandi Imitima yemw’igira neza Iyo niy’Umwami agomba kuri twe.
Couplet 4
Imana iba ahirengeye cane Ikabana n’abafise imitima Imitima yitonder’ic’ivuze Imitima ishira mungir’ijambo-Imitima itaraba kuvyayo Imitima irab’ineza y’abandi Imitima yizigir’Umwami Iyo niy’ijambo ridushakako.
Couplet 5
Ncuti yanje ukoraniye ngaha Mbe wob’ufis’umutima umez’ukwo? Nimb’utawufise niwisuzume Maz’urab’aho woba uhajije-Hindukira ncuti bigikunda Ukor’ukugomba kw’Imana kwose Ejo hawe ncuti ntabw’uhazi Uyu munsi mwiza niwihane.
Couplet 6
Data wera Yesu Kristo Mukiza Akir’ishengero ryawe uryeze Umwe wese mushikane ku kwezwa Abe icaremwe gisha gihimbaye-Maz’abawe tugendere mw’ijambo Niryo mababa azotugurukana Rizodushiitsa mw’Ijuru ahera Aho waduteguriye Mukiza.