#724
Shengero ry’imana nzima
Umuco 2
Couplet 1
Shengero ry’Imana nzima, Duseng’Imana ya ba data, Kuko bo bari bahishuriwe Umubiri w’Umwami; Bamenya badakekeranya Kw’ari ryo Shengero ry’Imana, Kuko bo bari barongowe na Mpwemu w’Imana.
Refrain
Mpwemu Yera yaravyeruye ati Isezerano n’iryanyu n’abazohamagarwa Bose, n’Umwami wacu {Tuzoririmbana nabo mw’Ijuru (Haleluya x2) ni hashimwe Uwera, n’Imana Isumba vyose.} x2
Couplet 2
Twe twizigiye Yesu Kristo, Ntaburenganzira dufise bwo kweger’Imeza y’Umwami uko bitabereye; Nico gituma benshi muri twe bagir’intege nke bakarwara, kand’abatari bake muri twe bahanuwe kenshi.
Refrain
Mpwemu Yera yaravyeruye ati Isezerano n’iryanyu n’abazohamagarwa Bose, n’Umwami wacu {Tuzoririmbana nabo mw’Ijuru (Haleluya x2) ni hashimwe Uwera, n’Imana Isumba vyose.} x2
Couplet 3
Ntitwigan’Ijambo mu buryarya, mu vyo dukora nivyo tuvuga, vyategerezwa vyose gupimwa n’Ijambo ry’Imana. Tumenye Umubiri w’Umwami, Tub’abasizw’ amavuta ya Mpwemu, dukor’ukugomba kw’Imana, Turongorwe n’Ijambo.
Refrain
Mpwemu Yera yaravyeruye ati Isezerano n’iryanyu n’abazohamagarwa Bose, n’Umwami wacu {Tuzoririmbana nabo mw’Ijuru (Haleluya x2) ni hashimwe Uwera, n’Imana Isumba vyose.} x2
Couplet 4
Ewe wa si we utey’agahinda, wahinduy’ Ubutumwa bw’igihe, ushiramw’ umwambiro w’ubwenge; ut’Ijambo ry’Ukuri, ndizera kandi ntakekeranya k’Ubutumwa buvurwa ubwanka, hazoger’ igihe uzobushaka, utazobubona.